Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:10
13 Referans Kwoze  

Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana,


Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Ku wa mbere w’imisi ndwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayāga na bo, agira ngo buce agenda, atevya mu majambo ashitsa mu gicugu.


Ku wa mbere wose w’imisi ndwi, umuntu wese muri mwebge abīke i we ibimuhaye uburyo, nk’ukw atunze, kugira ngw aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa.


Nuko kur’ uwo musi buhwibiriye, ni wo musi wa mbere w’imisi ndwi, inzugi zāri zugaye ah’ abigishwa bari, kubgo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Na we arababaza, ati None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami?


Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


Ni co gituma mbamenyesha yukw ata muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana, avuga ati Yesu n’ikivume: kand’ ata muntu ashobora kuvuga, ati Yesu n’Uhoraho, atabivugishijwe na Mpwemu Yera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite