9 Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.
Yemwe Bisirayeli, mwacumuye uhereye igihe c’i Gibeya: aho ni ho bahagaze bashikamye, kugira ngw intambara iteye abagabitanya ntibashikeko i Gibeya.
Maze haza umutāma avuye mu murima gukora buhwibiriye; kand’ uwo muntu yahora mu mugamba w’Abefurayimu, acīkira i Gibeya, arikw abo mur’ ico gisagara bār’ Ababenyamini.
Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.
Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga.
Kand’ isi ihumanijwe n’abayibamwo; kuko barenze ivyagezwe, bagaca mw ibgirizwa, bakica isezerano ry’ intahava.
Ariko shebuja aramubarira, ati Ntitwokevya ngo tuje mu gisagara c’abanyamahanga kitar’ ic’ Abisirayeli; ariko ngo tujabuke dufate i Gibeya.
Baca Ababenyamini hirya no hino, barabakinagiza, bagize ngo baratēnyēnya barabasiribanga, kurinda bashika aharābana n’i Gibeya, ku ruhande ruhera i burasirazuba.
Uku ni k’Uhoraho abarira ubu bgoko, at’ Ivyo bakunda n’ ukuyerera; ntibābujije ibirenge vyabo: ni co gituma Uhoraho atabemera; n’ubu yibuka ibigabitanyo vyabo, kand’ arabagīriye kubg’ ivyaha vyabo.
Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.
Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!
Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.
Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe.
Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.
Uhoraho abarira Mose, ati Manuka ugende, kuko ba bantu bawe wakūye mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara.
Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.
Nawe, mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’ubgoko bg’ Abamoni, no ku vy’igitutsi cabgo; maz’ uvuge, ut’ Inkota, inkota irasokowe, yartyororewe kuririka, kugira ngw imaririkanye, ibe nk’ umuravyo: