Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:8
42 Referans Kwoze  

Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


riti Mwana w’umuntu, nkugize umushibamyi w’inzu ya Isirayeli; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubammenyeshereze ivyo mbabūrira.


Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe.


Ewe Yerusalemu, nshize abashibamyi hejuru ku nzitiro zawe z’amabuye; nta ho bazocereza ku murango no mw ijoro; yemwe abibutsa Uhoraho ntimukaruhuke,


Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.


Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.


Ni ko nawe, mwana w’umuntu, nagushizeho kubera ab’ inzu ya Isirayeli inderetsi; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubanshikiririze imbūri.


Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


Kuko hazoza umusi abama bagavye ku misozi ya Efurayimu bazosemerera, bati Ni muve hasi tudūge i Siyoni, dushengerere Uhoraho Imana yacu.


Maze ndavuga, nti Yō! Erega Mwami Uhoraho, ba kamenyi bababgira, ngo nta ho bazobona inkota cank’ inzara, ariko ng’ uzobaha kugirira aha hantu amahoro y’ukuri.


Nabashiriyeh’ abashibamyi, nti Ni mwumvirize ijwi ry’inzamba; ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituryumviriza.


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Duhūra n’abashibamyi bagendura igisagara: Ndababaza, nti Mbega mwabonye wa wundi umutima wanje ukunda?


Umusi ur’ izina, harih’ abāri bagiye guhamba umuntu; bagize bartya, babona haje igitero; bashiburira uwo muvyimba mw isenga yahambgemwo Elisa, maz’ uwo muvyimba ugikora ku magufa ya Elisa, uwo muntu aca ararabūka, ava hasi, arahagarara.


uwo mugabisha akishura uwo muntu w’Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ben’ ivyo vyoshoboka? na we akamwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.


Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.


Maz’ umusuku wiwe aramwishura, ati Non’ utu noduhēreza abantu ijana? Na we ati Pfa kubaha babirye; kuk’ ukw ari k’ Uhoraho agize, ati Barabirya banabisigaze.


Aravuga, ati Ni munzanire ifu. Ayiterera mur’ iyo nkono, araheza aravuga, ati Ni mwārurire abantu, barye. Nuko basanga ata cago kikiri mu nkono.


Ava mu gisagara, aja kw iriba, aritereramw’ umunyu, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Akijije aya mazi, nta ho azosubira kuzana urupfu canke kurūmvya.


Yābīra wa mutamana wakorokanye Eliya, awukubitisha amazi, aravuga, at’ Uhoraho, Imana ya Eliya, ari hehe? Amaze gukubita amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo; nuko Elisa arajabuka.


Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!


Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Ariko namb’ ibinyoma vyanje vyatumye ukuri kw’Imana kurushiriza kwerekanwa, bikayitera icubahiro, n’iki gituma nanje ncirwa urubanza nk’umunyavyaha?


Maze Zedekiya mwene Kenayana yicurishiriza amahembe y’ivyuma, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Aya mahembe ni yo uzokwirukanisha Abasiriya gushitsa baherengeteye.


Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


Nuko rero n’umpamagarize Abisirayeli bose, bakoranire ku musozi Karumeli, bo na ba kamenyi ba Bayali ukw ar’ amajana ane na mirongwitanu, na ba kamenyi ba Ashera barīra ku meza ya Yezebeli, ukw ar’ amajana ane.


Hashize igihe kirekire ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya; hāri mu mwaka ugira gatatu inzara iteye. Riti Genda wiyereke Ahabu, nanje nzorekurira imvura kw isi.


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Ubugingo bgacu bukize nk’ ukw inyoni iva mu mutego w’abatezi, Umutego uracitse, natwe tuvamwo turarokoka.


Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.


Nabonye ubupfu bga ba kamenyi i Samariya; bāvugishijwe na Bayali, bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ariko nari mmeze nk’umwagazi w’intama w’ikirīga ujanwa kubāgwa; sinari nzi yuko bampigiye imihigo, bat’ Enda turandurane igiti n’ivyo camye, tumukūre mw isi y’abakiriho, kugira ngw izina ryiwe ntiribe ricibukwa ukundi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite