Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:7
40 Referans Kwoze  

Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe.


Maze Yehu arasohoka, aza aho ba bantu ba shebuja bari; umwe aramubaza, ati Mbega n’ amahoro? Uwo mugabo w’umusazi yakuronderakw iki? Arabishura, at’ Ereg’ uwo muntu ni mwebge mumuzi, n’amajambo yiwe murayazi.


Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.


uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abo ba kamenyi b’ibipfu, bakurikira ivyiyumviro vyabo ubgabo, kand’ ata co beretswe!


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


Namba dusaze, dusaze ivy’ Imana; namba dufise ubgenge, ni mwebge dukorera.


Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike.


Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


Ngw Ivyo bizoba kuko bama bazimiza abantu biwe, bavuga ngo N’amahoro; kand’ ata mahoro ariho; ngo Kand’ iyo hagize uwubaka urusika, baruhomakw ingwa.


ukavuga, ut’ Uhoraho ko yaguhinduye umuherezi mu gishingo c’umuherezi Yehoyada, namwe kugira ngo mube ababgiriza mu ngoro y’Uhoraho, ngo mubuze umuntu wese w’ umusazi yīgira ūvugishwa n’Imana, ngo mumushire mu mpatane z’ibiti no mu minyororo;


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama.


Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.


Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe.


Uko ni ko nzogaragaza icubahiro canje, niyerekane ko nd’ Uwera, kandi nzokwimenyekanisha mu maso y’ amahanga menshi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nzobīhōra bihambaye, mbahanane ubushangashirwe; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mbīhōye.


Kand’ ingabo zaho z’abacangero ziri hagati yaho, zimeze nk’inyana zo mu ruhongore: kuko na zo zakimiranye, zahungiye icarimwe, ntizashinga ikirenge: kuk’ umusi w’ ivyago vyabo ubashitseko, ni co gihe co kūzirwa kwabo.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


ntihazoba hakiri n’amasigarira muri bo, kuko nzozana ivyago ku bagabo bo muri Anatoti, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo.


Kandi bāvūye imirenzako igikomere ca wa mukobga ari bo bantu banje, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Nabonye ubupfu bga ba kamenyi i Samariya; bāvugishijwe na Bayali, bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.


Kandi na bo ubgabo amahanga menshi n’abami bahambaye bazobahindura abaja; kandi nzoba mbashubirije mu nkōko ibihwanye n’ivyo bākoze, n’ibihwanye n’ ibikorwa vy’amaboko yabo.


Ati Nanje rero, ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, nta n’akagongwe nzogira, arikw ingeso zabo nzozibasubiza ku mutwe.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite