Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ntibazosukira Uhoraho ibiturire vya vino, kand’ ibimazi vyabo ntibizomuhimbara: ivyo kurya vyabo bizobabera nk’ibiryazagu vy’abagandaye; abazobiryako bose bazoba bahumanye; kukw ivyo kurya vyabo bizoba ivyo kubīmarira ipfa gusa, ntibizokwinjira mu ngoro y’Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:4
33 Referans Kwoze  

Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


sinatamiye kur’ ivyo vyarobanuwe ngandaye; sinabiteruye mpumanye, canke ngo ndabitange kw ibiterekerezwa imizimu; ariko numviye wewe Uhoraho Imana yanje, nitondeye ivyo wangeze vyose.


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Kuniha kwawe kuraba amapfiranda; ntuz’ ugandarire ūpfuye, wizingire igitambara cawe mu mutwe, wambare inkweto zawe, ntiwipfuke ku munwa, kandi nturye ibiryazagu.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Namwe muzogira nk’ uko mmeze: ntimuzoruha mwipfuka ku munwa, canke ngo murye ibiryazagu.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Mu nguru ziba mu mwonga ni ho har’ umugabane wawe; izo nyene ni zo mugabane wawe; izo ni zo wūhiye ishikanwa ry’ibiturire, ukaziterekēra. Mbeg’ ivyo novyiyumanganya?


at’ Ugere Abisirayeli, ubabarire, ut’ Ibimazi vyiwe, ari zo mfungurwa ashikanirwa zitōngōrwa n’umuriro, z’umubabge umumotera neza, uti Muze muhore muvyitondera, mubimushikanire mu bihe vyavyo vyashinzwe.


ntihaze hagire umuntu n’umwe wo mu ruvyaro rwa Aroni azokwigera yīgira hafi afise agasembga, ngw ahēreze ibimazi vyanje, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro: kw azoba arikw agasembga, ntaze yigire hafi ngw ahēreze imfungurwa zanje, jewe Imana yiwe.


ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.


Ayaterekako ya mitsima imbere y’Uhoraho, nk’uk Uhoraho yari yaramubariye.


Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese azoba ahumanye kumara imisi ndwi:


Kand’ ameza y’imitsima y’ibiterekērwa bayarenzekw impuzu y’isufe, bagereke hejuru amasahani n’udukombe n’amakarabo n’amabakure yo gusukisha ibiturire ku gicaniro; na ya mitsima y’intahava na yo igerekweko;


Umwagazi wa mbere uz’ uwutangane n’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta avuye muri elayo zisekuwe y’ikigira kane c’ ingero yitwa hini, utange n’ikigira kane ca hini nyene ya vino, ribe ishikanwa ry’ibiturire.


kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; abābuze se canke nyina ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro.


Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.


Amafu y’amashikanwa n’ibiturire vyabuze mu ngoro y’Uhoraho; abaherezi, ari bo basuku b’Uhoraho, basigaye baganya.


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite