Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:3
24 Referans Kwoze  

Kand’ Uhoraho aravuga, at’ Uko ni kw Abisirayeli bazorīra ivyo kurya vyabo vyandavuye mu mahanga nzobashwiragirizamwo.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Amatongo ntaz’ agurwe herandaheze, kukw igihugu ar’ icanje, namwe kuri jewe mukaba akavantara n’ abatsi b’indāro.


Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.


nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


Kandi nk’uk’ Uhoraho vyamuhimbara kubagirira neza no kubagwiza, ni ko bizomuhimbara kubahonnya no kubatikiza; muzorandurwa mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona yuko mutazobura guhona bidatevye, mugaherengetera mu gihugu mujabuka Yorodani muja kwinjira; ntimuzokirambiramwo, ariko muzorandurwa rwose.


Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya.


Ni muhaguruke, mugende; kukw aha atar’ uburuhukiro bganyu, kubg’ ibihumanya bizana gutikira kw’agahebuza.


Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.


Ntibazosubira mu gihugu ca Egiputa, yamar’ Umwashuri ni we azoba umwami wabo, kuko banse kungarukako.


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Nk’ ukw ivyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye vyāshitse, uko ni k’Uhoraho azobashitsakw ivyago vyose yababūriye, kugeza ah’ azobaherengetereza, mugashira mur’ iki gihugu ciza mwahawe n’ Uhoraho Imana yanyu,


Kand’ Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu māto, mujanye ya nzira nababarira, nti Ntimuzosubira kuyibona ukundi; mushitseyo muzokwishōra mu bansi banyu, ngo mube abagurano n’ abaguranokazi, ariko ntimuzobona uwo kubagura.


Nuko rero muze mwitondere amabgirizwa yanje yose n’ivyagezwe vyanje vyose, muvyumvire: kugira ngw igihugu mbajanyemwo ngo muhabe, ntikize kihave kibadahwa.


Ntimuze mubikore, ngw ico gihugu kibadahwe namwe, ni mwacanduza, nk’uko cadashwe rya hanga ryabatanguriye kuhaba.


Twakomeye amashi Abanyegiputa, N’Abashuri kugira ngo turonke utwo kurya two kwisama.


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite