Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:12
23 Referans Kwoze  

Bazobona ibara, kuko bāgiye bāngāra bakamvako! Bazotikizwa, kuko bāncumuyeko! Naho nagomba kubacungura, ariko bo bāhavuye bandemera ibinyoma!


Abefurayimu baciwe musi, imizi yabo irūmye, nta co bazokwama; mbere naho bovyara, nzotikiza uruvyaro bakunda rwo mu nda zabo.


Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.


Maz’ ico gihe uburake bganje buzobaziriringira, nanje ndabahebe, ndabahishe mu nyonga hanje, bamarwe n’ivyago vyinshi n’imibabaro bizobazako; bitume bavuga, bat’ Icateye ibi vyago kutuzako s’ukw Imana yacu itari muri twebge?


Abana ba Efurayimu, nk’uko nababonye, bagerewe kuba iminyago: mbere Efurayimu, ubgiwe azosokorora abana biwe abahe umwicanyi.


Uhoraho we, rāba witegereze uwo wagiriye ivyo! Mbeg’ abagore borya abo bāvyaye, utwana bākuyakuya mu maboko yabo? Mbeg’ umuherezi n’ūvugishwa n’Imana bokwicirwa ahantu hēra h’Umwami Imana?


Nabagosoje urutaro ku marembo y’igihugu; nabakūyekw ibibondo, mponnya abantu banje: ariko ntibāhindukira ngo bave mu nzira zabo mbi.


Abana biwe ni bagwira, bazogwirira inkota; N’uruvyaro rwiwe ntibazoronka ivyo kurya bibahāza.


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Ni co catumye Uhoraho arakira cane Abisirayeli, akabirukana ngo bave imbere yiwe, ntihasigara n’umwe atar’ umuryango w’Abayuda gusa.


Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bga gikange.


Ariko Baraki yōma inyuma y’iyo mikogote n’izo ngabo, barinda bashika i Harosheti‐ha‐goyimu; ingabo za Sisera zose zishirira ku nkota, ntihasigara n’uwa kirazira.


Abahungu banyu n’abakobga banyu bazonyagwa bahabge irindi hanga, amaso yanyu azokwama areretse, ahere mu nzira burinde bgira, kubgo kubakumbura, ata co mushobora gukora.


Kuk’ Uhoraho yari yaravuze ivyabo, ati Bazogwa mu bugaragwa nta kabuza. Ntihasigara n’umwe muri bo, atari Kalebu mwene Yefune, na Yosuwa mwene Nuni.


Kunda wigishwe, Yerusalemu, umutima wanje woye guhubanwa nawe; noye kuzohava nguhindura amatongo, igihugu kitakirimw’ umuntu.


Ūkora ben’ ivyo, Uhoraho azomurandura mu mahema ya Yakobo, ar’ umuteramyi, ar’ uwitaba, ar’ ūshikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ishikanwa.


Uti Nk’ ukw imisi ingana mwamaze mutata ico gihugu, ukw ari mirongwine, umusi uzohwana n’umwaka; uti Muzoyimara mugiweko n’ibigabitanyo vyanyu, ukw iyo myaka ari mirongwine; uti Kandi muzomenya kugirirwa umwikomo na we ic’ ari co.


Uruvyaro rwo mu nda zanyu ruzovumwa, bo n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’uruvyaro rw’inka zanyu n’urw’ imikuku yanyu.


Wampamagariye ibinteye ubgoba irya n’ino, nk’uko wahamagara ikoraniro ku musi mukuru washinzwe, Kandi nta warokotse canke ngw asigare kur’ uwo musi w’uburake bg’Uhoraho; Abo nakuyakuya nkabarera, umwansi wanje yarabampēkūye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite