gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.
Abahungu banyu n’abakobga banyu bazonyagwa bahabge irindi hanga, amaso yanyu azokwama areretse, ahere mu nzira burinde bgira, kubgo kubakumbura, ata co mushobora gukora.
Uti Nk’ ukw imisi ingana mwamaze mutata ico gihugu, ukw ari mirongwine, umusi uzohwana n’umwaka; uti Muzoyimara mugiweko n’ibigabitanyo vyanyu, ukw iyo myaka ari mirongwine; uti Kandi muzomenya kugirirwa umwikomo na we ic’ ari co.