Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Abefurayimu na bo nyene, ubgiza bgabo buzoguruka nk’inyoni: nta wuzovyara, nta wuzogira inda, canke ngw ayisame.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:11
18 Referans Kwoze  

Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Uhoraho, n’ubahe — mbe wobaha iki? N’ubahe gukorokesha inda, n’amabere agadutse!


Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa.


Uruvyaro rwo mu nda zanyu ruzovumwa, bo n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’uruvyaro rw’inka zanyu n’urw’ imikuku yanyu.


kukw imisi izoza bazovuga, bati Hahirwa abāgumbashe n’inda zitigeze kuvyara n’amabere atigeze kwonsa.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, imisi y’imyaka yiwe ikaba myinshi, yamar’ umutima wiwe ntuhāzwe n’ivyiza, bitayeko ntahambge: kubganje arutwa n’inda yakorotse,


Babe nk’igifyera kiyaga kigashira; Babe nk’inda ikorotse, itigeze kubona izuba.


N’ukuri urumuri rw’umunyakibi ruzozima, Kand’ urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka.


Impfizi yiwe y’uburiza, icubahiro n’icayo, Amahembe yayo ni nk’ay’ imbogo: Izoyicisha amahanga yose, gushitsa ku mpera y’isi. Ni kw amasinzi y’aba Efurayimu ameze, Bo n’ibihumbi vy’aba Manase.


bitume abacura ingovyi yamwiviriye mu nda, abacure n’utubondo twiwe ukw atuvyaye; kukw azobarīra mu mpisho, bitewe no kuburanirwa muri vyose, kubgo kwugarizwa no gusūgerezwa, abansi banyu bazoba babasūgereje mu bisagara vyanyu.


Yosefu n’ishami ry’igiti cama cane, Ishami ry’igiti cama cane kiri hafi y’isōko: Amashami yaco arenga uruzitiro rw’amabuye.


Uwa kabiri amwita Efurayimu, ati Kukw Imana yampaye kurondokera mu gihugu nagorewemwo.


Ibihome bizoshira muri Efurayimu, n’ubgami bushire i Damasiko, bo n’amasigarira y’i Siriya; bizoba nk’ukw icubahiro c’Abisirayeli cabaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.


Maze Mikali umukobga wa Sauli ntiyabona akana arinda apfa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite