Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:10
32 Referans Kwoze  

Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.


Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali.


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Ariko barangararije, banka kunyumvira; nta n’umwe yataye ibizira yamizakw ijisho, kandi ntibāhevye ibigirwamana vyo muri Egiputa. Maze nca mvuga ko nzobasukak’ uburake bganje, nkabīmarirakw ishavu mu gihugu ca Egiputa.


Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abantu bāsigajwe n’inkota ni bo bāgiriwe ubuntu mu bugaragwa, ni bo Bisirayeli, abo nagiye mpa kuruhuka.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


kandi n’ishurwe ry’ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane, na ryo rizomera nk’insukoni y’isega, ici ritarasohora: ūyikubise ijisho, akiyishikana mu ntoke akayiyongobeza ako kanya.


Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;


Nuko kur’ uwo musi aca yita Gideyoni Yerubayali; ati Bayali ni yirwanirire, kuko yasanganguye igicaniro cayo.


Bahaye ibimazi abadayimoni batar’ Imana, Bahaye ibimazi imana batigeze kumenya, Imana nsha z’inzaduka, Izo ba sogokuruza batātinya.


Yabasanze mu gihugu c’ ubugaragwa, Mu bugaragwa bg’ubgeranyange, humvikanamw’ ibihūrira; Abakikiza irya n’ino, arababungabunga, Abazigama nk’imbone y’ijisho.


Amaso yanyu yiboneye ivyo Uhoraho yakoze kubga Bayali y’i Peyori; kuk’ Uhoraho Imana yanyu yaranduye abantu bose bākurikiye Bayali y’i Peyori, akabakūra hagati muri mwebge.


Ubgo buyonga, uko mubukubisekw ijisho, muzokwama mwibuka ivyagezwe vyanje vyose, jewe Uhoraho, muvyitondere; kugira ngo mwoye gukurikira ivyo imitima yanyu n’amaso yanyu vyifuza, ivyo mwakunda guhurumbira bikabahindura ibimaka;


None rer’ ico gihe mwari n’imbuto ki mu bibamāramāza ubu? Kukw amaherezo yavyo ar’ urupfu.


Ababikora bazohwana na vyo, Mbere n’ūvyizigira wese.


Arik’ uhereye no mu buto bgacu, ivy’ akamāramāza ni vyo vyāmaze ivyāvuye mu butame bga ba sogokuruza; vyāmaze imikuku yabo n’amasho yabo, n’abahungu babo n’abakobga babo.


Igisimbo kimwe carimw’ insukoni nziza cane, zimeze nk’insukoni z’isega: ikindi gisimbo carimw’ insukoni ziboze rwose, zitoshoboka kuribga kubgo kubora.


Ibinyobga vyabo vyacitse umururazi: basambana ubudahumeka; abatware babo bakunda ibiteye isoni birenze urugero.


Ivy’ amasega vyose bizokwera mu gihugu cabo bazonzanira, jewe Uhoraho, bizoba ivyawe: ūdahumanye wese wo mu b’inzu yawe yemererwa kubiryako.


bakosereza imibavu mu tunyabugoro twose, nk’ukw ayo mahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo yagenza; bagakora ibintu vy’ivyaha, bagatera Uhoraho umwikomo.


Uriya ni nde, adūga avuye mu bugaragwa Ameze nk’umwotsi upfunduka nk’inkingi, Atāmirana isenga n’imibavu, N’ibimota neza vyose vy’ ibidandazwa?


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


Nakumenye igihe wari mu bugaragwa, mu gihugu c’ikigatwa cinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite