Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 9:1
24 Referans Kwoze  

Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.


Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’ ukwo ni kubi.


yemwe abahimbarwa n’ikintu kitagira ikimazi, mukavuga, ngo Mbeg’ inkomezi zacu si zo zāduhaye ububasha?


ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


yakarihijwe kugira ngw iririke; yartyorowe kugira ngw ibe nk’umuravyo: none twoja aho, tukitwengera? Inkoni y’umwana wanje igaya izindi zakūwe mu giti cose.


Kandi ko muvuga ngo Muzomera nk’ayandi mahanga, mube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, mukorere ibigirwamana vy’ibiti n’ amabuye: mu vyo mwibgira mu mitima nta na kimwe kizoshika.


Ni winezererwe, uhimbarwe, ewe mukobga, Edomu we, wibereye mu gihugu c’i Uzi! Nawe igikombe kizodōbēra kiruhe kigushikeko; uzoborerwa, ute agahuzu.


Ku musi wabiteyeko warabizitiriye, bukeye utuma ivyo wateye bishurika: arikw ivyimburwa bizobura ku musi w’umubabaro n’akabonge k’ubgihebe.


Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.


Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.


Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Ariko wishimiye ubgo bgiza bgawe, wihindura maraya, ubitewe n’uko wabaye rurangiranwa, ugasambana n’ūhise wese, ukaba uwiwe.


Ewe kuntu umutima wawe uhuha, ni k’Umwami Uhoraho agize; k’ukora ivyo vyose, ar’ ivyokorwa n’umugore w’igishegu w’umusambanyikazi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite