Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko bādūze, bakaja muri Ashuri, nk’ indogoba y’inyeshamba yīgunze ukwayo: Efurayimu yironkeshereje abūzure impēra.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:9
13 Referans Kwoze  

ur’ indogoba y’inyeshamba imenyereye ubugaragwa, ihemba umuyaga igihe igomba kwima; iyo irinze, ni nde yoyigarura? Iziyironderakw isumba zose ntizirinda kwigora; mu kwezi kwayo kugeze zizoyibona.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.


Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.


Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko.


Imbūri yo ku bikōko vy’i bumanuko. Baca mu gihugu c’ amagorwa n’umubabaro, ah’ intambge y’ingore n’iy’ ingabo zituruka, hakaba n’imamba n’inzoka z’ubumara buturira ziguruka, baremētse indogoba z’imikangara ivy’ ubutunzi bgabo, bashize n’ivy’ itunga ryabo ku mapfupfu y’ ingamiya, kugira ngo baje kubishikanira abantu batazobagirira ikimazi.


bakava hasi ngo bamanuke muri Egiputa batabajije irivuye mu kanwa kanje; ngo bisunge inkomezi za Farawo, bironkere ubgugamo mu gitūtu ca Egiputa!


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite