Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bazontakambira, bati Mana yacu, twebge Abisirayeli turakuzi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:2
14 Referans Kwoze  

Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.


Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.


Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.


Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.


Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Ariko rero Yehu ntiyaretse gukurikira ivyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akabikwegeramwo n’Abisirayeli, n’ivy’ ibishushanyo vy’amamasa vyacuzwe mw izahabu, vyar’ i Beteli n’i Dani.


Aramubarira, ati Ngo tujane, urābe ishaka mfitiye Uhoraho. Nukw amujana mu mukogote wiwe.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Ereg’ Abisirayeli bataye ivyiza: umwansi azobakinagiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite