Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:14
31 Referans Kwoze  

Ca Gitandara mwavutseko ntimukicibuka: Mwibagiye Imana yabavyaye.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Nuko nzokwanda umuriro i Buyuda, utongore ingoro z’i Yerusalemu.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Kuko wibagiye Imana y’agakiza kawe, ntiwibuke igitandara c’inkomezi zawe; ico ni co catumye uteragira interwa zo kwinezereza, ukishingira imizabibu y’ikigirwamana c’akavantara.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Tiro, utongore ingoro zaho.


Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.


Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Bibgira ko bokwibagiza abantu banje izina ryanje, babibagirisha inzozi zabo barotora, izo umuntu wese arotorera mugenzi we, nk’ uko ba sekuruza babo bibagijwe izina ryanje na Bayali.


Ijwi rirumvikanira ku mpinga mu ruharabuga, ry’ukurira no kwinginga kw’Abisirayeli, kuko bāgoretse inzira yabo, bakanyibagira jewe Uhoraho Imana yabo.


Mbeg’ umwigeme yoshobora kwibagira utugenegene twiwe? Cank’ umugeni yokwibagira umwitwikiro wiwe? Arikw abantu banje bānyibagiye imisi myinshi itoharūrwa.


abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje.


Ni co catumye aturekurirak’ uburake bgiwe bg’inkazi n’intambara zikomeye; bikaduturira impande zose, kandi ntitwabimenya, vyaraduturiye yamara ntitwabishirak’ umutima.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Arik’ ubgiwe n’abana biwe ni babona ivyo amaboko yanje akorera hagati muri bo, bazokwemera izina ryanje ko ryera; mbere bazokwemera Uwera wa Yakobo ko nera, bahindire agashitsi jewe Imana y’ Abisirayeli.


Bibagira Imana, Umukiza wabo, Yakoreye ibikomeye muri Egiputa;


Kandi yubaka n’ibisagara mu mugamba w’i Buyuda, n’amaboma n’iminara mu bibira.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;


Kandi yubaka n’ utunyabugoro ahantu hār’ ibitabo ku mpinga z’imisozi, atoranya mu bandi bantu bose batar’ Abalewi, abagira abaherezi.


Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri yaradūze, atera ibisagara vyose vyubakiwe inzitiro vy’i Buyuda, arabitsinda.


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


Abantu bose bazobimenya, ni bo Befurayimu n’ababa i Samariya, bavuga bīhayagiza, buzuye ubgibone mu mitima yabo,


bat’ Amatafari yarasenyutse, ariko tuzokwubakisha amabuye abāje; ibiti vy’imisukomora vyaraciwe, ariko tuzosubizah’ ivy’ amasederi.


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


None rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ko wanyibagiye, ukanshiburira inyuma yawe, ubushakanyi bgawe n’ ubumaka bgawe ni wewe biriko.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite