Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:13
30 Referans Kwoze  

Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Uhoraho arahiye ubgiza bga Yakobo, ati N’ukuri nkazokwigera nibagira ivyo bākoze, haba na kimwe!


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Ntibazosubira mu gihugu ca Egiputa, yamar’ Umwashuri ni we azoba umwami wabo, kuko banse kungarukako.


Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.


Uku ni k’Uhoraho abarira ubu bgoko, at’ Ivyo bakunda n’ ukuyerera; ntibābujije ibirenge vyabo: ni co gituma Uhoraho atabemera; n’ubu yibuka ibigabitanyo vyabo, kand’ arabagīriye kubg’ ivyaha vyabo.


Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene.


Kand’ Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu māto, mujanye ya nzira nababarira, nti Ntimuzosubira kuyibona ukundi; mushitseyo muzokwishōra mu bansi banyu, ngo mube abagurano n’ abaguranokazi, ariko ntimuzobona uwo kubagura.


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


Kuk’ ūrya cank’ ūnywa, atamenye umubiri w’Umwami wacu, arya kand’ anywa ibimuzanira gutsindwa n’urubanza.


Nukw iyo mukoranye, burya ntikuba ar’ukurya ingaburo y’Umwami wacu.


Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.


Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


None genda, ujane abo bantu ha hantu nakubarira; kand’ ehe rāba, umumarayika wanje azokuja imbere: yamara ku musi wo guhōra, nzobasubiriza mu nkōko ico caha cabo.


Ntukagire izindi mana umbangikanya.


Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Kandi ntibazokwongera kubera ab’ inzu ya Isirayeli ivyizigiro, ngo batume ibigabitanyo vyibukwa vy’igihe bābīsunga: maze bazomenya yuko nd’ Umwami Uhoraho.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.


ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite