Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Naho nomwandikira ivyagezwe vyanje nkabigira isinzi, yovyita nk’ikintu c’icaduka.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:12
14 Referans Kwoze  

None rer’ ivyagezwe n’ivyera, kand’ ibgirizwa n’iryera, rigororotse, ryiza.


Non’ Umuyuda aruta abandi ate? Canke gukebga kumara iki?


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Maze mbaha amabgirizwa yanje, mbamenyesha n’ ivyagezwe vyanje, ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye.


Kukw ar’ ubgoko bg’ibigāba, abana babesha, abana banka kwumva ivyagezwe vy’Uhoraho:


Mbega sinakwandikiye ivyiza Vyo kukugīra inama n’ivyo kumenya ubgenge,


Hwezesha amaso yanje, Kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe.


K’ur’ inyankaguhanwa, Ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe!


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite