Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:11
8 Referans Kwoze  

Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


nuko rero ngw Azobirukana abakūre mur’ iki gihugu, muje mu gihugu mutigeze kumenya, mwebge canke ba sogokuruza banyu; muzohasabira izindi mana ku murango no mw ijoro; ngo Kukw atazobahangaza na gatoya.


Muzohasabira imana zābājwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye, zitaruha zibona canke ngo zumve canke ngo zirye canke ngo zimoterwe.


Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite