Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Mbere naho batanga impēra mu mahanga, sinzobura kubakoranya; kandi bazotangura gukeha kubg’ umutwaro umwami ari hejuru y’abaganwa azogenda abaremēka.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 8:10
21 Referans Kwoze  

nuko rāba, nzokoraniriza abūzure bawe bose hamwe, ari bo bāguhimbara, bo n’abo wagomwa bose, hamwe n’abo wanka bose, nzobaguteranirizako baguturuke impande zose, maze ntwikurure ibiteye isoni vyawe, kugira ngo babibone vyose.


Nzobahana uko ngomba: kand’ amahanga azokoranira kubarwanya, igihe bazoba baboshwe kubg’ ibicumuro vyabo vyompi.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba, ngira ngomorere i Tiro Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umwami w’abami; azoza aturutse i burārūko, afise amafarasi n’imikogote ikwegwa na yo, n’abagendera ku mafarasi, n’ingabo z’abantu benshi.


Kukw avuga, ati Mbeg’ abagabisha banje bose s’abami?


Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi;


Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro;


Nk’uko bakoraniriza ifeza n’imiringa n’ivyuma n’amasāsu n’amabati hagati mu ziko, bakabivugutira n’umuriro ngo bishonge, uko ni ko namwe nzobakoraniriza hamwe mfise uburake n’ubushangashirwe, mbarambikeho mbashongeshe.


bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:


Maze Rabushake arahagarara, avuga n’ijwi rirenga mu rurimi rw’Ikiyuda, ati Ni mwumve amajambo y’umwami ahambaye, ni we mwami w’i Ashuri.


Hanyuma iyo Mana, ari yo nyene y’Abisirayeli, ibavyukiriza Puli, umwami w’i Ashuri, hanyuma ibavyukiriza Tigulati‐pileseri, umwami w’i Ashuri nyene, abambukana ar’ inyagano, abo Bareyubeni n’Abagadi n’ab’ igihimba c’umuryango wa Manase abajana i Halaha n’i Habori n’i Hara no ku ruzi Gozani, babayo na bugingo n’ubu.


Bukeye Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, aramutera; Hoseya yemera kuganzwa na we, akāma amuzanira amarari.


Kuk’ Uhoraho yabonye amagorwa y’Abisirayeli iyo bava bakagera ingen’ ari menshi, kand’ ata mutabazi ariho wo kubatabara.


Ba maraya bose bāhora bahērwa: ariko weho, ni wewe uhēra abūzure bawe bose, ukabagurira, kugira ngo baze iy’uri baturutse impande zose ngo basambane nawe.


Maze, Ohola amaze kuba uwanje, acika maraya; kandi yagomwa abūzure biwe, ni bo Bashuri, ababanyi biwe;


Ariko hanyuma umwami w’i Ashuri abona ko Hoseya arimw’ ubugarariji, kuko yari yatumye intumwa gutabaza umwami wa Egiputa yitwa So, kandi ntiyar’ akimuzanira amarari, nk’uko yar’ asanzwe agenza, uk’ umwaka utashe; ni co catumye uwo mwami w’i Ashuri amushira mu nzu y’imbohe akamuta mu munyororo.


bakava hasi ngo bamanuke muri Egiputa batabajije irivuye mu kanwa kanje; ngo bisunge inkomezi za Farawo, bironkere ubgugamo mu gitūtu ca Egiputa!


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite