Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Efurayimu yivanga n’ayandi mahanga; Efurayimu ameze nk’ umukate utagaraguwe, uzigiye uruhande rumwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:8
15 Referans Kwoze  

Ariko bivangavanga n’amahanga, Biga ingeso zayo.


kand’ uti Ntimuze mushingirane na bo, ntimuze mwigere mubendeza ivy’ amahoro cank’ ivyiza, kugira ngo mubone kugira inkomezi, murye ivyiza vyo mu gihugu, muzokiraga n’abana banyu kibe inyegu yabo ibihe vyose.


Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.


Nukw ivyo vyose birangiye, abakuru baraza barambarira, bat’ Abisirayeli n’abaherezi n’ Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mur’ ibi bihugu, ariko bakora ivy’ ubuyobe, ivy’ Abanyakanani n’ivy’ Abaheti n’ivy’ Abaferizi n’ivy’ Abayebusi n’ivy’ Abamoni n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abanyegiputa n’ivy’ Abamori;


Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;


Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.


Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite