Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Bose bashushe nk’ iziko, batsontsomera abacamanza babo; abami babo bose barahindikiranye; nta n’umwe muri bo antakambira.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:7
27 Referans Kwoze  

Hanyuma Hosheya mwene Ela agarariza Peka mwene Remaliya, amutsindaho aramwica, asubira ku ngoma yiwe; hāri mu mwaka ugira mirongwibiri Yotamu mwene Uziya ari ku ngoma.


Bukeye Peka mwene Remaliya, umugabisha wiwe, afatanya n’ Abanyegileyadi mirongwitanu, aramugarariza, amwicana na Arugobi na Ariyeha, abatsinda i Samariya mu munara wo mu rugo i bgami; nukw amaze kumwica asubira ku ngoma yiwe.


Maze Menahemu mwene Gadi ava i Tirusa, aradūga aja i Samariya, amutsindaho aramwica, asubira ku ngoma yiwe.


Maze Shalumu mwene Yabeshi aramugarariza, amugurukirakw imbere y’abantu, aramwica, asubira ku ngoma yiwe.


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Ubgibone bg’Abisirayeli ni bgo bubāgiriza imbonankubone: yamara ntibararuha bangarukako, jewe Uhoraho Imana yabo, canke ngw ivyo vyose bitume bandondera.


Kandi nta n’umwe yambaza izina ryawe, nta wuruha yinanata ngo yimatanye nawe; kuko waduhishije mu nyonga hawe, ukaduhebera mu bigabitanyo vyacu.


Ariko rero, Yakobo we, ntiwanyambaje; Isirayeli we, waramparurutse.


Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kand’ abatubaha Imana mu mitima yabo bāmana umwikomo: Iyo ibaboshe ntibaruha bayitakambira.


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Ivyo vyago vyose vyadushitseko nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose; yamara nta ho twinginze Uhoraho Imana yacu ngw idutunge, canke ngo tureke n’ibigabitanyo vyacu, ngo tumenye ivy’ ukuri kwayo.


Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonnya; ariko nta n’umwe nabonye.


Abarira abari kumwe na we, ati Ni mubafate. Barabafata, babatsinda ku rwobo rw’i Betekedi; bose na bose bar’ abantu mirongwine na babiri, ntiyasiga n’ uwa kirazira.


Nukw ico cete kibashikiriye, bafata abo bana b’umwami, babica ukw ari mirongwirindwi; imitwe yabo bayishira mu bisimbo, bayimurungikira i Yezireli.


Arababarira, ati Ni mumukororere hasi. Nuko bamukororera hasi; amaraso yiwe atarukira ku nzu no ku mafarasi; aca arayamusiribangisha.


Maze Yehu afora umuheto wiwe arawuheza, arasa Yoramu mu mwanya w’ibitugu, umwampi uca mu mutima; aca acurama aho nyene mu mukogote wiwe.


Maze Zimuri abonye ko batsinze igisagara, yitera mu munara wo mu rugo i bgami, yītuririramwo, arapfa,


Arikw abākurikiye Omuri banesha abākurikiye Tibuni mwene Ginati; nukw ivyo bizanira Tibuni urupfu, Omuri ahangama ku ngoma.


Mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Abayuda ari ku ngoma ni ho ico gihe Bayasha yamwica; araheza yiyimika mu gishingo ciwe.


Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa?


Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!


Mbeg’ inkozi z’ibibi zose nta bgenge zifise? Ko barya abantu banje nk’ uko barya umutsima, Kandi ntibambaza Uhoraho.


Kuk’ uhereye kera hose ata ho abantu bīgeze kwumva, canke ngo bibagwe mu matwi, canke ngo baboneshe amaso iyindi mana igira ico imarira abayīteze atari wewe.


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite