Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kuko bahindura imitima yabo nk’iziko, iyo baryamiye abantu: uburake bgabo barabuvumbika bugakesha ijoro; bukeye bukagurumana nk’ umuriro.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:6
8 Referans Kwoze  

Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!


Bose bashushe nk’ iziko, batsontsomera abacamanza babo; abami babo bose barahindikiranye; nta n’umwe muri bo antakambira.


Bose n’abasambanyi; bameze nk’iziko umucumvyi acanyemwo; areka gufurūra umuriro, iy’ amaze guhwanya ifu gushitsa ah’ iribututumbire.


Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.


Uzobahindura nk’itanure ry’ umuriro mu gihe c’uburake bgawe, Uhoraho azobayongobeza mu burake bgiwe, Umuriro uzobatsontsomera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite