Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Abaganwa bārwaye kuborerwa vino ku musi mukuru w’umwami wabo, na we nyene yaya amaboko hamwe n’abacokoranyi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:5
20 Referans Kwoze  

Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara.


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


Maz’ umusi uragera, uburyo buraboneka: war’ umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abapfasoni b’i Galilaya, ngo baze abatereke.


Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, Kand’ ūbidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.


Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.


Abicara kw irembo baramvuga; Nd’ indirimbo y’ababorewe.


Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, Adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, Aticarana n’abacokoranyi.


Maz’ umwami Yerobowamu yumvise ijambo uwo muntu w’Imana yasemereye, avugiye kur’ ico gicaniro c’i Beteli, amutunga ukuboko ahagaze ku gicaniro, aravuga, ati Ni mumufate! Uwo mwanya ukuboko yar’ amutunze guca kuranyūnyūka, bituma adashobora kukwigarukanako.


Ku musi ugira gatatu, ari wo musi wo kwibuka ukuvuka kwa Farawo, atumirira amazimano abamenyekana biwe bose; araheza abohora wa mukevyi mukuru na wa musukūzi mukuru hagati y’abo bamenyekana.


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu!


Umwami bamuteresha umunezero ivyaha vyabo, n’abaganwa bawubateresha ubuhemu bgabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite