Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umwami bamuteresha umunezero ivyaha vyabo, n’abaganwa bawubateresha ubuhemu bgabo.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:3
16 Referans Kwoze  

Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n’ababikora.


Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.


Abo n’abava mw isi, ni co gituma bavuga ivy’ isi, ab’ isi bakabumvira.


Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.


Abaganwa bārwaye kuborerwa vino ku musi mukuru w’umwami wabo, na we nyene yaya amaboko hamwe n’abacokoranyi.


Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.


Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.


Ba kamenyi banyu bābabarira, ng’ Umwami w’i Babuloni ntazobatera canke ngw atere iki gihugu, bari hehe?


Icompa nkaja mu bugaragwa mu ndāro y’abahita, kugira ngo nte ubgoko bgacu, ndabuvemwo! Kuko bose ar’ abasambanyi, bakaba umuhari w’abagabo baryarukana.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Maz’ intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubarira, it’ Abavugishwa bose bahūrije hamwe gusigurira umwami ivyiza; none rero nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvuge ivyiza.


Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


Mwarimye ivyaha, mwimbura ibigabitanyo; mwariye ivyamye ku binyoma: kuko mwishimiye imigabo yanyu, n’isinzi ry’abahizi banyu.


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite