Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.
Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;
at’ Imibavu mwoshereje mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu, mwe na ba sogokuruza n’abami banyu n’abaganwa banyu n’abantu bo mu gihugu, mbeg’ Uhoraho ntiyayibutse, ntivyinjiye mu mutima wiwe?