Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:2
33 Referans Kwoze  

Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.


Washize ivyo twagabitanije imbere yawe, N’ivyaha vyacu vyo mu mpisho wabishize mu muco uva mu nyonga hawe.


Uhoraho arahiye ubgiza bga Yakobo, ati N’ukuri nkazokwigera nibagira ivyo bākoze, haba na kimwe!


Uku ni k’Uhoraho abarira ubu bgoko, at’ Ivyo bakunda n’ ukuyerera; ntibābujije ibirenge vyabo: ni co gituma Uhoraho atabemera; n’ubu yibuka ibigabitanyo vyabo, kand’ arabagīriye kubg’ ivyaha vyabo.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


ur’ umujanama ahambaye, ur’ umunyenkomezi mu bikorwa; inyonga zawe zītegereza ingeso zose z’abana b’abantu, kugira ng’ ugerere umuntu wese ibikwiranye n’ ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyamuje.


Kukw inyonga zanje ziri ku nzira zabo zose: ntizinyegejwe ngo sinzibone, kand’ ibigabitanyo vyabo ntibihishijwe inyonga zanje.


Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.


Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.


Ntiwibuke ivyaha vyo mu busore bganje, cank’ ibicumuro vyanje, Nk’ukw imbabazi zawe ziri, abe ari k’unyibuka, Kubgo kugira neza kwawe, Uhoraho.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubgato bga shebuja: arikw Abisirayeli bo nta co bazi, abantu banje nta co batahura.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Kukw inyonga zayo ziri ku nzira z’umuntu, Kandi yitegereza urugendo rwiwe rwose.


Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


Ariko ni mutākora murtyo, muzoba mucumuye k’Uhoraho; kandi mumenye neza yukw icaha canyu kizobahama.


Erega nta wibuka, nta wumenya ngw atahure, ngw avuge at’ Igihimba caco nagicanishije umuriro, nacumvye umutsima ku makara yaco, ntarakw inyama ndazirya; mbeg’ igisigaye nogikorakw ikintu nk’ico c’ubuyobe? Mbega nokwikubita imbere y’ingiga y’igiti?


Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’ uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.


Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;


at’ Imibavu mwoshereje mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu, mwe na ba sogokuruza n’abami banyu n’abaganwa banyu n’abantu bo mu gihugu, mbeg’ Uhoraho ntiyayibutse, ntivyinjiye mu mutima wiwe?


Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.


Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje.


Yibgira mu mutima, at’ Imana yibagiye: Yipfutse mu nyonga hayo, ntizokwigera ibibona.


bākuroteye inzozi z’ubusa, n’indagu z’ibinyoma, ngo ni wewe uzoyibangurira ku mazosi y’abanyakibi bākomerekejwe akagīrīre, abo umusi wabo washitseko, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo.


Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite