12 Bakigenda, nzobatega ururiba rwanje; nzobakororera hasi nk’ ibisīga vyo mu kirēre: nzobakubita, nk’uko mw ikoraniro ryabo bābibūriwe.
Kandi nzomutega ururiba rwanje, afatwe n’umutego wanje; nzomujana i Babuloni mu gihugu c’Abakaludaya; kandi ntazohabona nah’ ari ho azogwa.
Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzoguhwikiza urusenga rwanje, ndi kumwe n’igitero c’abanyamahanga benshi; kandi bazogukwegesha urusenga rwanje.
Kandi nzomutega ururiba rwanje, afatwe n’umutego wanje, ndamujane i Babuloni, abe ari ho ndamushirira mu rukinja kubg’ ibicumuro yancumuyeko.
Yamara nabatumyekw abasavyi banje bose, ni bo bavugishwa nanje, nama nzindurwa no kubatuma, nti Ntimugakore ico kizira c’ubuyobe nanka urunuka.
Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.
Kukw abantu batazi igihe cabo na mba; nk’ ukw amafi afatwa n’urusenga rw’ ubugesera, kandi nk’ukw inyoni zifatwa n’umutego, uko ni kw abana b’abantu bafatwa n’umutego w’igihe c’ubugesera, kibaguyeko giturumbuka.
Mumenye yukw ar’ Imana yubitse urubanza rwanje, Ikanta hagati mu mutego.
Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.