Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:11
25 Referans Kwoze  

Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.


Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.


Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.


Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.


Ukubagiranira iki guhindura inzira yawe? Egiputa hazogutētereza, nk’uko Ashuri hagutētereje.


None rero n’iki kikujanye mu nzira ija muri Egiputa, ukaja kunywa amazi ya Shihori? Canke n’iki kikujanye mu nzira ija muri Ashuri, ukaja kunywa amazi ya rwa Ruzi?


Igipfu bikimariye iki kugira ibiguzi mu ntoke ngo kigure ubgenge, Kandi kitagira umutima?


Uwanka guhanwa aba akēngereye ubgiwe bugingo, Arik’ uwumvira ivyo ahanūwe aronka ubgenge.


Ūsambana n’umugore aba igipfamutima; Ūgira artyo aba arondera guhonnya ubugingo bgiwe.


Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Maze Ahazi atuma kuri Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri, uti N’umusavyi wawe kandi n’umwana wawe; uti None n’udūge, umutabare, umwami w’i Siriya n’umwami w’Abisirayeli baramuteye.


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Abo mwari mwifatanije bose bāragusohoye, bagushitsa no ku rubibe: abo mwari mwuzuye baragusutse, none barakunesheje; abo wagaburira bāguteze umutego: ariko ntiwabimenye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite