Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ubgibone bg’Abisirayeli ni bgo bubāgiriza imbonankubone: yamara ntibararuha bangarukako, jewe Uhoraho Imana yabo, canke ngw ivyo vyose bitume bandondera.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 7:10
18 Referans Kwoze  

Ubgibone bga Isirayeli ni bgo bumwagiriza imbonankubone: ni co kizotuma Isirayeli na Efurayimu bazotemba mu bigabitanyo vyabo, kandi na Yuda bazotemba hamwe.


Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.


Nta wutahura, Nta wurondera Imana.


Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.


Bose bashushe nk’ iziko, batsontsomera abacamanza babo; abami babo bose barahindikiranye; nta n’umwe muri bo antakambira.


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Igipfu naho wogisekurana n’ impeke mw isekuro, ugisekuje umuhini, Ubupfu bgaco ntibgokivako.


Imana icishiriza mu bana b’abantu, iri mw ijuru, Kugira ngw irābe ko harimw’ abatāhūra, Barondera Imana.


Uhoraho acishirīza mu bantu, ari mw ijuru, Kugira ngw arābe ko harimw’ abatāhūra, Barondera Imana.


Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite