6 Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.
Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
Iyo muba mwari muzi iri jambo ico rivuga, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi; ntimuba mutsindishije abatarikw igicumuro.
Gukora ivy’ ukugororoka no guca izibereye Ni vyo bihimbara Uhoraho kurusha gutanga ibimazi.
Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.
Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.
Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene.
Urinde ikirenge cawe iy’ uja mu ngoro y’Imana; kuko kwēgēra ngo wumve kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko batazi ko bakora ibizira.
Yaciriye urubanza umworo n’umukene; maze hakaba amahoro. Mbeg’ ivyo si kwo kummenya kw’ukuri? ni jewe Uhoraho mbibajije.
Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.
None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.
Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.
Kukw ata co nabariye ba sogokuruza banyu, canke ngo ngire ico mbabgira ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, ku vyo kwosa ibimazi canke kubikerera:
Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.
Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.
Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’ Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka?
Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.
Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?
Ni koko nzokwikwerera mu kuba umwizigirwa: nawe uzommenya jewe Uhoraho.
Sinkugayira ibimazi vyawe; Ibimazi vyawe vyoshejwe vyama imbere yanje na ntaryo.
kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe.
Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.
Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?
kukw abantu bose bavuyeyo bari barakebge, arikw abāvukiye mu nzira bose mu bugaragwa, bamaze kuva muri Egiputa, bo ntibaribgakebge;
Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.