Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.
Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, ati Ko bavuga ben’ ayo magambo, ehe ngira mpindure amajambo yanje umuriro mu kanwa kawe, ubu bgoko na bgo ndabuhindure inkwi, ubatongore.
Ni ho uzoca ubabgira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe ngira nuzuze ababa mur’ iki gihugu bose ubudandahirwe, uhereye ku bami uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, no ku baherezi, no kuri ba kamenyi, no ku baba i Yerusalemu bose.
Aramubarira, at’ Uku ni k’ Uhoraho abajije, ngo Mbeg’ icatumye utuma abantu kuri Bayali‐zebubi ya mana y’i Ekuroni kuraguza, ngo N’ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli wosiguje? Ngo Nuko rero, ngo Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, ng’ Uzopfa nta kabuza.
Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.