Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 6:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 6:5
35 Referans Kwoze  

Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?


Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, ati Ko bavuga ben’ ayo magambo, ehe ngira mpindure amajambo yanje umuriro mu kanwa kawe, ubu bgoko na bgo ndabuhindure inkwi, ubatongore.


Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.


Mose abonye ivyo biramutangaza: akivyēgēra ngw avyihweze, havuga ijwi ry’Uhoraho,


Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.


Ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo neretswe igihe nazanwa no guhonnya igisagara; ivyo neretswe vyari bimeze nk’ivyo nerekewe ku ruzi Kebari; maze nikubita hasi nubamye.


Uruhanga rwawe ndaruhaye gukomera nk’intosho rurushe isare: ntuz’ ubatinye canke ng’ urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Ni ho uzoca ubabgira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe ngira nuzuze ababa mur’ iki gihugu bose ubudandahirwe, uhereye ku bami uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, no ku baherezi, no kuri ba kamenyi, no ku baba i Yerusalemu bose.


Kuko rāba, uyu musi nguhinduye igisagara cubakiwe inzitiro, nguhinduye n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’imiringa, bitazotsindwa n’igihugu cose, canke n’abami b’i Buyuda, canke n’abaganwa baho, canke n’abaherezi baho, canke n’abantu bo mu gihugu.


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.


Kand’ azokwerekana ukugororoka kwawe nk’umuco, N’urubanza rwawe ruroranye nk’igihe co mu mashōka.


Nuko rero ni munyumvirize, mwebge bantu bazi gutahura: Biragahera kw Imana yokora ivyaha, Īshobora vyose ko yokora ivy’ ukugabitanya.


Bukeye aronka icete kivuye k’uwavugishwa n’Imana Eliya, kivuga, ng’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: ngo K’utāgendanye ingeso nziza za so Yehoshafati, canke za Asa umwami w’ Abayuda;


Aramubarira, at’ Uku ni k’ Uhoraho abajije, ngo Mbeg’ icatumye utuma abantu kuri Bayali‐zebubi ya mana y’i Ekuroni kuraguza, ngo N’ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli wosiguje? Ngo Nuko rero, ngo Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, ng’ Uzopfa nta kabuza.


Maz’ ūzokira inkota ya Hazayeli, Yehu azomwica; ūzokira iya Yehu, Elisa azomwica.


Maze Ahabu abonye Eliya, aramubarira, ati Mbega ni wewe nyene, n’ukuntu wateje amagorwa Abisirayeli?


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Nuko Ahiya, yumvise ibirenge vyiwe acinjira mu muryango, aramubarira, ati Shika, yewe muka Yerobowamu! N’iki gitumye wihindura uwundi, kandi ngutumwekw inkuru mbi?


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli.


Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana:


Maze Samweli aravuga, ati Ni munzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki. Nuko Agagi aza ah’ ari araramanga; aravuga, ati N’ukuri ibamba ry’urupfu rirashize.


Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.


riti Mwana w’umuntu, borogera ishengero ryo muri Egiputa, urikororane n’abakobga b’amahanga ya rurangiranwa, gushitsa i bgina i kuzimu, hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo.


Nta ho azova mu mwiza; Urubeya rw’umuriro ruzobabura amashami yiwe, Impwemu ziva mu kanwa k’ Imana zizomukūraho.


Nuko rer’ ubabūrire, mwana w’umuntu, ubabūrire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite