2 Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.
riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.
agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;
Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.
Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.
Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.
Aburahamu abgira Imana, at’ Icompa Ishimayeli agakomera, akaba imbere y’inyonga zawe!
namba turiho, turiho kuba ab’ Umwami; kandi namba dupfa, dupfira kuba ab’ Umwami. Nuko namba turiho, canke namba dupfa, tur’ ab’ Umwami.
Azokwama ar’ imbere y’ Imana ibihe bidashira: Itegure imbabazi n’ukuri, kugira ngo bimuzigame.
Ni wewe watweretse amagorwa menshi akomeye, Uzokwongera uturabūre, Uzokwongera udukūre i bgina i kuzimu.
igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;
Kand’ umuco w’ukwezi uzomera nk’uw’ izuba, kand’ umuco w’izuba uzokwongerekanywa ibihetangabo ndwi, ungane n’umuco wo mu misi ndwi, ku musi Uhoraho azopfuka ibikomere vy’abantu biwe, akavūra n’inguma yabakubise.
Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.