Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 6:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi nawe, Yuda, urindirijwe igihe c’iyimbura, igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ar’ inyagano.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 6:11
9 Referans Kwoze  

Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako.


Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukūrak’ uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n’ivyo yar’ afise ibihetangabo kabiri.


Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.


Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano.


Ariko ntibazi ivyiyumviro vy’Uhoraho, canke ngo batahure imigabo yiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imikama irunze ku mbuga.


Hamwe Uhoraho yagarukana ab’i Siyoni bāri bārambukanywe ar’ inyagano Twāri tumeze nk’abarota.


Uhoraho, wagiriye igihugu cawe imbabazi; Wagarukanye aba Yakobo bajanywe kw inyagano.


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite