10 Mu nzu ya Isirayeli nahabonye ikintu c’ubuyobe: aho ni ho habonekeye ubusambanyi muri Efurayimu, ni ho Isirayeli yahumaniye.
Efurayimu ndamuzi, kandi Isirayeli na we ntanyihishije: erega wakoze ivy’ ubusambanyi, ewe Efurayimu, Isirayeli na we yarihumanije.
Mbonye ubuyobe muri ba kamenyi b’i Yerusalemu: barasambana, bagendera mu binyoma, baremesha inkozi z’ibibi, bigatuma ata wigarura ngw ave mu bibi vyiwe: bose bampindukiye nk’i Sodomu, n’ababayo bampindukiye nk’i Gomora.
Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!
Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.
Maze, Ohola amaze kuba uwanje, acika maraya; kandi yagomwa abūzure biwe, ni bo Bashuri, ababanyi biwe;
Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, at’ Enda ni mubaze mu mahanga ko hoba har’ uwumvise ibimeze birtyo; inkumi, ni yo Bisirayeli, yakoze ibibi vy’ubuyobe.
Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.
Ivyo vyābaye birtyo kukw Abisirayeli bācumuye k’Uhoraho Imana yabo yabakūye mu gihugu ca Egiputa, ikabagobotora mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa; hanyuma bagasaba izindi mana,
kubg’ ivyaha Yerobowamu yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli, no kubg’ umwikomo yateye Uhoraho Imana y’Abisirayeli, akamuratsa.
Ariko yanka iyo nama abo bashingantahe bamugīriye, aja kugīsha inama imisore yārukanye na we, yari kuri we.
Nukw abahurumbira nk’ikimaka, ni bo ntōre zose zo muri Ashuri, yiyanduza k’uwo yagomba wese no ku bigirwamana vyabo vyose.
Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.