Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 6:1
36 Referans Kwoze  

Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.


Kukw ari yo ikomeretsa, kand’ ikaba ari yo isomōra; Irakubita, kand’ amaboko yayo akaba ari yo atīmbūra.


Uhoraho ni we atuma umuntu apfa, kandi ni we atuma abaho, Ni we amumanura i kuzimu, kandi ni we amukūrayo.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Ariko nzosubira kugukomeza, nzogukiza ibikomere vyawe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko bakwise uwirukanywe, bati Ni Siyoni, hatagifise ūkihababara.


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Kuko mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, Abisirayeli bazoza, bazananye n’ Abayuda; bazogenda barira ingenda, barondera Uhoraho Imana yabo.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


Kand’ umuco w’ukwezi uzomera nk’uw’ izuba, kand’ umuco w’izuba uzokwongerekanywa ibihetangabo ndwi, ungane n’umuco wo mu misi ndwi, ku musi Uhoraho azopfuka ibikomere vy’abantu biwe, akavūra n’inguma yabakubise.


ni bo Bakaludaya bazokwuzuza ayo mazu imivyimba y’abantu nicishije uburake bganje n’ubushangashirwe bganje, kuko bātumye mpisha mu nyonga hanje iki gisagara kubg’ ivyaha vyabo vyose;


Uhoraho, kubg’ urukundo rwawe war’ ushimangiye umusozi wanje; Wapfutse my nyonga hawe, mpagarika umutima.


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Igikomere cawe ntikivūrika, n’igisebe cawe n’ ikigoye.


Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Ni mukoranire hamwe, mbere ni mukorane, yewe hanga ritagira isoni;


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


Yantabaguranye uburake bgayo impōye ubusa; Yandyanirije insya z’amenyo; Īndwanya intungiriye igitsure.


Ungirire imbabazi, Uhoraho, kuko nkabiranye: Uhoraho n’unkize, kukw amagufa yanje atetemera.


Ni wewe watweretse amagorwa menshi akomeye, Uzokwongera uturabūre, Uzokwongera udukūre i bgina i kuzimu.


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


Kur’ uwo musi umuntu azotumbera Umuremyi wiwe, kand’ amaso yiwe azoyashira ku Wera w’Abisirayeli.


nti Rāba nzohazanira gukira no kuvūrwa, kandi nzobavūra; nzobahishurira amahoro bo n’ukuri vy’isinzi.


Bazobaza ivy’ i Siyoni bahērekeje amaso, bat’ Enda ni muze mwifatanye n’Uhoraho musezerane isezerano ritazoshira ritazokwibagirana.


Yakikamitse inzira zanje, kandi yarantabaguye; yangize inkōkōre.


Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Na ho umuherezi ni yinjira, akayisuzuma, agasanga iyo ndwara itunguruje ku nzu, imaze guhomwa; uwo muherezi avuge kw ihumanutse, kukw iyo ndwara ikize.


Nukw intumwa zijana ivyete bivuye ku mwami n’abaganwa biwe, zibikwiza mu Bgisirayeli hose no mu Buyuda, zivuga nk’uk’ umwami yashinze, ziti Yemwe Bisirayeli, ni mugaruke k’Uhoraho Imana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we agaruke kuri mwebge abasigaye barokotse abami b’i Ashuri.


Ni wagaruka kw Īshobora vyose, Ugashira ukugabitanya kure y’urugo rwawe, uzokomezwa.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite