9 Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.
Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.
Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’ iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’ Imigabo yanje izohama, kand’ ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.
Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.
nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.
kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.
Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.
Abisirayeli barayongobejwe: ubu bari mu mahanga bameze nk’urwavya rudahimbaye.
Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.
Ni co gituma mmereye Efurayimu nk’ inyenzi ku mpuzu, n’inzu ya Yuda nk’ibungwe.
ni co catumye mbikubarira uhereye kera, bitaraba nkabikwereka; kugira ngo woye kuvuga, uti Ya mana yanje ni yo ibikoze, ni ca gishushanyo canje c’ikibāzano, ni ca gishushanyo canje cavugutiwe mu nkero, ni co cabigeze.
Kera navuze ibizoba bitaraza; ni koko vyavuye mu kanwa kanje, ndavyerekana: kandi nabikoze giturumbuka, birashika.
Baramubgira, bati Hezekiya aradutumye, ng’ Uyu musi n’umusi w’umubabaro n’ibihano n’ugushinyagurirwa, ngo Kukw abana bagomba kuvuka, kandi nta nkomezi zo kubavyara.
Rāba, irasambura, ntihasubire kwubakika; Yugarana umuntu, ntihashobore kwuguruka.
Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo kwanka ibibi no gukunda ivyiza, igihugu c’abo bami bompi wagiriye ubgoba kizocika amatongo.
Bakigenda, nzobatega ururiba rwanje; nzobakororera hasi nk’ ibisīga vyo mu kirēre: nzobakubita, nk’uko mw ikoraniro ryabo bābibūriwe.
Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.
Ni co gituma nzogukubita nkagusāvya, nkugeseze nguhōye ivyaha vyawe.