7 Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.
Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye.
Ariko nk’uk’ umugore aryāruka umugabo wiwe akamuta, uko ni ko namwe mwandyārutse, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, ni jewe Uhoraho mbivuze.
N’ukuri koko ntiwaribgavyumve, ntiwaribgabimenye, mber’ uhereye kera ntivyaribgashike mu matwi yawe: kuko nari nzi k’ur’ umuryarukanyi w’agahebuza, kandi wiswe ikigāba uhereye ukiva mu nda.
Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.
Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.
Mbere sinzogirira abana biwe imbabazi, kukw ar’ abana b’abasambanano,
Nuko rer’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Amajambo yanje yose nta na rimwe rizosubira kurekerwa mu rutendeko, arikw ijambo nzovuga rizoshika, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
Kukw inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda zandyarutse rwose, ni k’Uhoraho agize.
turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.
Ndokora, unkūre mu maboko y’abanyamahanga, Akanwa kabo kavuga ivyo kubesha, N’ukuboko kwabo kw’i buryo n’ukunyabinyoma.
Rāmvura ukuboko kwawe uri hejuru, Undohōre, undokore mu mazi menshi, Unkize ukuboko kw’abanyamahanga.
Uko muziririza imboneko z’amezi n’imisi mikuru mwashiriweho, umutima wanje urabizinutswe; birangoye, ndambiwe kuvyihanganira.
Bazobona ibara, kuko bāgiye bāngāra bakamvako! Bazotikizwa, kuko bāncumuyeko! Naho nagomba kubacungura, ariko bo bāhavuye bandemera ibinyoma!