Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 5:6
23 Referans Kwoze  

Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’ iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo.


Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:


Maz’ arambaza, ati Mwana w’ umuntu, mbeg’ ubonye ivyo bakora? Ubonye n’ibizira bikomeye, ivyo ab’ inzu ya Isirayeli bakorera hano vyanteye kwīgira kure y’ ahēra hanje? Arik’ uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye.


Witwikiriye igicu, kugira ng’ ugusenga kwacu ntikumenēre ngo kugushikīre.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Ariko we yigunga mu bugaragwa, asenga.


Nuko rero nzobazanakw ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Maze nugururira umukunzi wanje; Ariko nsanga uwo mukunzi wanje yīgīriye, yāhise: Umutima wanje ucoberezwa n’ivyo yavuze. Ndamurondera, sinamubona; Ndamuhamagara, ntiyanyitaba.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Mose aramwishura, ati Tuzojana n’abana n’abatāma, n’abahungu bacu n’ abakobga, mbere n’imikuku yacu n’amasho tuzobijana: kuko dukwiye kugirira Uhoraho umusi mukuru.


Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite