Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ubgibone bga Isirayeli ni bgo bumwagiriza imbonankubone: ni co kizotuma Isirayeli na Efurayimu bazotemba mu bigabitanyo vyabo, kandi na Yuda bazotemba hamwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 5:5
25 Referans Kwoze  

Ubgibone bg’Abisirayeli ni bgo bubāgiriza imbonankubone: yamara ntibararuha bangarukako, jewe Uhoraho Imana yabo, canke ngw ivyo vyose bitume bandondera.


Inkumi, ari yo Bisirayeli, iguye bukumbi; ntizokwongera kuvyuka ukundi! Irambaraye ngaho mu gihugu c’i wabo, kandi nta wo kuyivyura ariho!


Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye:


Uko ni ko mwiyagiriza ko mur’ abana b’abishe abāvugishwa n’Imana.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Kukw ibicumuro vyacu vyagwiriranye imbere yawe, kand’ ivyaha vyacu ari vyo bitwagiriza: kukw ibicumuro vyacu turi kumwe, kandi n’ibigabitanyo vyacu na vyo turabizi;


Abaryohora ibishushanyo bibājwe bose n’ubusa; n’ ibintu vyabo vy’igikundiro nta co bizomara, n’ivyabona vyabo ubgavyo nta co bibona, nta co bimenya; kugira ngo bamāramāre.


Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


Har’ urunganwe rw’abantu, emwe ingen’ amaso yabo bayashira hejuru! N’ibigohe vyabo bikagira ubgibone!


Kuk’ umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka, Arikw abanyakibi bazogwa mu vyago.


Umunyakibi atsindwa hasi n’ugukora nabi kwiwe, Arik’ umugororotsi agira ivyizigiro mu rupfu rwiwe.


Vy’ukuri, umunyakibi akazobura guhanwa! Arik’ uruvyaro rw’abagororotsi ruzorokorwa.


Ubugororotsi bg’umuntu atunganye buzogorora inzira yiwe, Arik’ umunyakibi azotsitara ku bubi bgiwe bgite.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


I Yerusalemu haradandabagiranye, i Buyuda haratemvye; kuk’ ururimi rwabo n’ibikorwa vyabo ar’ ibigarariza Uhoraho, bakajinyūrira imbere y’inyonga ziwe z’icubahiro.


Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite