Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Efurayimu ndamuzi, kandi Isirayeli na we ntanyihishije: erega wakoze ivy’ ubusambanyi, ewe Efurayimu, Isirayeli na we yarihumanije.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 5:3
24 Referans Kwoze  

ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.


ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk’ udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank’ ukabira!


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.


Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa.


Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.


Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene.


Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.


Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.


Uhoraho azogutēza imisi mibi, wewe n’abantu bawe n’inzu ya so, imisi itigeze kubaho, uhereye umusi Abefurayimu bātandukanye n’Abayuda: ni kwo guterwa n’ umwami w’i Ashuri.


Abasiriya n’Abefurayimu na mwene Remaliya ko baguhigiye imihigo, bakavuga,


Impfizi yiwe y’uburiza, icubahiro n’icayo, Amahembe yayo ni nk’ay’ imbogo: Izoyicisha amahanga yose, gushitsa ku mpera y’isi. Ni kw amasinzi y’aba Efurayimu ameze, Bo n’ibihumbi vy’aba Manase.


Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo kwanka ibibi no gukunda ivyiza, igihugu c’abo bami bompi wagiriye ubgoba kizocika amatongo.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


Mu nzu ya Isirayeli nahabonye ikintu c’ubuyobe: aho ni ho habonekeye ubusambanyi muri Efurayimu, ni ho Isirayeli yahumaniye.


Nakumenye igihe wari mu bugaragwa, mu gihugu c’ikigatwa cinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite