Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abagarariji biyongeranije cane kwica: ariko nzobahana bose.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 5:2
18 Referans Kwoze  

Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Bazobona ibara, abarondera kuzika inama zabo i kuzimu ngo bazihishe Uhoraho, ibikorwa vyabo bikaba mu mwiza, bakavuga, bati Ni nde atubona? kandi bati Ni nde atuzi?


Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.


Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.


Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.


Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Bose n’abagarariji bitovugwa, bagenda barementanya; bameze nk’imiringa n’ivyuma; bose bakora ivy’ ubugunge.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite