Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:9
23 Referans Kwoze  

ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Maz’ ibizoba ku bantu buntu bizoba no ku muherezi; ibizoba ku mushumba bizoba no kuri shebuja; ibizoba ku mukobga w’umuja bizoba no kuri inabuja; ibizoba ku muguzi bizoba no k’ūshōra; ibizoba k’ūtiza bizoba no k’ūtira; ibizoba k’uwaka inyungu bizoba no k’uwakwa inyungu.


Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.


Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli.


Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyāmūje.


Umunyavyaha, ukugabitanya kwiwe bgite ni kwo kuzomufata, Azodunuzwa n’ingoyi z’icaha ciwe.


Umuntu azohāga ivyiza, abiheshejwe n’ibivuye mu kanwa kiwe, Kand’ umuntu ahabga ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yiwe.


Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.


Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Nzobahana uko ngomba: kand’ amahanga azokoranira kubarwanya, igihe bazoba baboshwe kubg’ ibicumuro vyabo vyompi.


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Rāba, umugororotsi azogererwa ibikwiranye na we mw isi: Non’ umunyakibi n’umunyavyaha ntibazorushiriza?


Mbere n’Abalewi bāngiye kure, igihe Abisirayeli bāzimira, bakanta bagakurikira ibigirwamana vyabo, na bo bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo.


Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite