Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:5
21 Referans Kwoze  

Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.


Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese.


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.


nuko rero nyoko azogira ibitētērwa vyinshi, uwabavyaye azomāramāra: rāba, azosigara ar’ uw’ inyuma y’ayandi mahanga, abe ubugaragwa, igihugu kigadutse, n’ubgeranyange.


Ku vya ba kamenyi. Umutima wanje unsābiye mu nda, amagufa yanje yose aratetemera; mmeze nk’imborerwa, nk’umuntu yaneshejwe na vino, kubg’ Uhoraho n’amajambo yiwe yera.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


riti Mwana w’umuntu, abo bantu bakimagije ibigirwamana vyabo mu mitima, kandi bashize imbere yabo igitsitaza kibatsinda mu bigabitanyo vyabo: none noshobora nte kw abo bogira ico bansiguza na kimwe?


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Ubgibone bga Isirayeli ni bgo bumwagiriza imbonankubone: ni co kizotuma Isirayeli na Efurayimu bazotemba mu bigabitanyo vyabo, kandi na Yuda bazotemba hamwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite