Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ariko nta muntu abirwanya, nta wubihana: kuk’ ubgoko bgawe ata co batandukanyeko n’abaherezi baho.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:4
8 Referans Kwoze  

Arik’ umuntu ni yibona ku muherezi, ntamwumvire, kand’ ari we ahagarara ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu ngw amuhereze, canke ntiyumvire uwo mucamanza, uwo muntu baze bamwice; ukw abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!


Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho!


Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’ abagarariji.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite