Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:
Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;
Bavuga amagambo atagira ikimazi, bakarahira ibinyoma mu gusezerana amasezerano; ni co gituma amateka azobaduka nk’uk’ ururamba rubaduka mu busīze bgo mu ndimiro.