19 Igihuhuta cabatwaye mu mababa yaco; kandi bazomāramāzwa n’ibimazi vyabo.
Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;
Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye.
Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe nzovyutsa igihuhuta c’umuyaga kigeseza, ngitēze i Babuloni n’ababa i Lebu‐kamayi.
Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.
Zizojanwa muri Ashuri kw ingorore z’umwami Yarebu: Abefurayimu bazotētērwa, Abisirayeli bamāramāzwe n’imigabo yabo.
Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.
Arikw abīshimira ibishushanyo vy’ibibāzano bazosubizwa inyuma, bazotētērwa cane, bo n’ababgira ibishushanyo vyāvugutiwe mu nkero, bati Mur’ imana zacu.
Nzobahana uko ngomba: kand’ amahanga azokoranira kubarwanya, igihe bazoba baboshwe kubg’ ibicumuro vyabo vyompi.