Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Isirayeli yabaye ikiganda nk’ inka y’ishashi y’ikiganda: non’ Uhoraho yobaragira nk’umwagazi w’intama ahantu h’amaramvya?

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:16
19 Referans Kwoze  

Ariko banka kwumva, bantera ibitugu, bīziba amatwi ngo boye kwumva.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Isirayeli Inamusubiranyuma yiyerekanye kw ar’ umunyakuri kuruta Yuda Inamuryarukanyi.


Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.


Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.


Uti N’ukuri azokugira itu, akuraririze nk’ umupira, ugwe mu gihugu cāgutse; ut’ Aho ni ho uzogwa, kandi ni ho imikogote yawe y’icubahiro izogangarara, wa gatētereza k’inzu ya shobuja.


Ico gihe imyagazi y’intama izorisha nk’ah’ ari mu canya cayo, kand’ ivyo mu matongo y’abakire abayerera ni bo bazobirya.


riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Boye kuba nka ba sekuruza, Rwa runganwe rw’ibigāba kandi rw’abagarariji, Urunganwe rw’abatitunganiriza imitima, Imitima yabo itayoboka Imana.


Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.


N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.


Efurayimu ni nk’inka y’ishashi yigishijwe, ikunda gusekura ingano; ariko nzomwambika ingōgo mw izosi ryiwe ryiza: kandi nzoshira kuri Efurayimu ūmwicarako; Yuda azorima, Yakobo akubite imvyirire.


Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite