Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:15
28 Referans Kwoze  

Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.


Enda ni mwiyizire i Beteli, mucumure, n’i Gilugali, mwirundanirize ibicumuro! Ego me ni mwizanire ibimazi vyanyu uko bukeye, mutange n’ibigiracumi vyanyu ukw imisi itatu ishize!


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!


Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.


kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,


Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho!


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Namwe, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hogi ni mugende, umuntu wese n’asabe ibigirwamana vyiwe! Ariko hanyuma muzonyumvira, kand’ izina ryanje ryera ntimuzoba mukirihumanisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu.


Ni mwumve ibi, yemwe nzu ya Yakobo, abitwa izina rya Isirayeli, bakanduruka mu rura rwa Yuda; abarahira izina ryanje Uhoraho, bakavuga Imana ya Isirayeli, ariko mu bitar’ ivy’ ukuri canke mu vy’ukugororoka.


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese Abayuda muri mu gihugu ca Egiputa: at’ Ehe rāba, ndahiye izina ryanje rihambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, yukw izina ryanje ritazosubira kuvugwa n’akanwa k’umuntu n’umwe wo mu Bayuda bari mu gihugu cose ca Egiputa, ngo bavuge bati Nk’ uk’ Umwami Uhoraho ahoraho.


Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu.


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


arikw agasiguza Imana ya sekuruza, akagendera mu vyagezwe vyayo, ntāgendere mu ngeso z’ Abisirayeli.


Kandi Yehoramu ataba ibitabo ku mpinga z’imisozi y’i Buyuda, akwegera ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, azimiza Abayuda.


Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.


Yakobo yahungiye i Padan‐Aramu, Isirayeli aca ingero umugeni, mber’ araragira kugira ngw aronke umugeni.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite