Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:14
23 Referans Kwoze  

Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Ariko namba mudakāngīrwa nk’ico abandi bose bakorerwa, mur’ ibivyarwa, ntimur’ ubura bgayo.


ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubg’ ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’ imitima yabo.


Ntimuzi yuk’ uwimatanya n’umusambanyikazi aba ar’ umubiri umwe na we? Kuko yavuze, iti Bompi bazoba umubiri umwe.


Nta wutahura, Nta wurondera Imana.


N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!


Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.


Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Abantu babi ntibatahura ibiroranye, Arikw abarondera Uhoraho batahura vyose.


Asangangura ivyumba vy’ abagabo bendana vyari mu ngoro y’Uhoraho, ah’ abagore bājishira Ashera impuzu.


Akūra mu gihugu abagabo bendana, akūraho n’ibishushanyo vyose ba se birondereye.


Ntihaze habemwo ba maraya mu Bisirayelikazi, canke ngo hagire abagabo bendana mu Bisirayeli.


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


Abisirayeli bīfatanya na Bayali y’i Peyori, uburake bg’Uhoraho burabaziriringira.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite