Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:13
20 Referans Kwoze  

Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;


Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe imihindigiti yabo izoba irambaraye hagati y’ibigirwamana vyabo impande zose z’ibicaniro vyabo, ku gasozi kose gahagaze, no ku dutwe twose tw’imisozi miremire, no musi y’igiti cose gitotahaye, no musi y’igiti cose c’umweloni gihūritse, aho bāshikanirira ibigirwamana vyabo vyose ibizana imibabge imota neza.


Kandi ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho arambarira, ati Mbega wabonye ico Isirayeli Inamusubiranyuma yakoze? Yadūze umusozi wose muremure, akaja no musi y’igiti cose gitōtahaye, akīhindurirayo maraya.


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Wītabiye ibitabo mu mayirabiri yose, ubgiza bgawe ubugira igihumane, witega ūhise wese, ugwiza ubumaka bgawe.


Kandi wābīra mu myambaro yawe, ukīshingira ibitabo ku mpinga z’imisozi, ukabishariza ivy’ amabara atar’ amwe, maz’ ukabisambaniramwo: nta bimeze nk’ivyo vyigeze kubaho, nta n’ ibizokwongera kuboneka.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Ku musozi muremure ni ho wubatse uburiri bgawe; kandi ni ho wadūga, ukaja gutanga ibimazi.


abītera gushuha muri mu biti vy’ imyeloni no musi y’igiti cose gitotahaye, mukicira abana mu myonga, no mu bihoro vyo mu bitandara?


Kandi n’iki gituma mundakisha ibikorwa vy’amaboko yanyu, mu kwosereza imibavu izindi mana mu gihugu ca Egiputa, aho mwaroye kuba, bikabakwegera guherengetezwa, mugahinduka ibivume n’iciro ry’imigani mu mahanga yose yo mw isi?


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


Ivyo vyābaye birtyo kukw Abisirayeli bācumuye k’Uhoraho Imana yabo yabakūye mu gihugu ca Egiputa, ikabagobotora mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa; hanyuma bagasaba izindi mana,


Asangangura ivyumba vy’ abagabo bendana vyari mu ngoro y’Uhoraho, ah’ abagore bājishira Ashera impuzu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite