ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.
Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.
Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.
Kandi ko muvuga ngo Muzomera nk’ayandi mahanga, mube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, mukorere ibigirwamana vy’ibiti n’ amabuye: mu vyo mwibgira mu mitima nta na kimwe kizoshika.