Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 4:1
44 Referans Kwoze  

Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli.


Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.


Ijwi ryavyo rizoshika no ku mpera y’isi; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’amahanga, azobūrana n’abariho bose; kand’ abanyavyaha azobagaburira inkota, ni k’Uhoraho agize.


Maze ndavuga, nt’ Erega n’ukw ari ba nyarucari: n’ibijuju, kuko batazi inzira y’Uhoraho, ntibamenye n’ukuroranya kw’Imana yabo.


Mwa mahanga, ni mwīgire hafi kugira ngo mwumve; mutege amatwi mwa moko mwe; isi ni yumve, bo n’ibiyuzuye; n’ivu n’ibirimeramwo.


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka:


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Uti Yamara ni wumve ijambo ryiwe Uhoraho, ewe Zedekiya mwami w’i Buyuda: ut’ Uku ni kw avuze ku vyawe, ati Ntuzokwicwa n’inkota,


uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda, namwe ababa i Yerusalemu; uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana ivyago aha hantu, kand’ ūzovyumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi.


Yemwe bagore, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, amatwi yanyu yumvirize ijambo ryo mu kanwa kiwe; mwigishe abakobga banyu kuboroga, umugore wese yigishe mugenzi we gucura akanihiro.


Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.


Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Kubg’ ivyo isi izogandara, n’ijuru ryiraburanirwe: kuko mbivuze, kandi mbimaramaje, sinzokwigarura canke ngo nihindukize.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni.


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu!


None rero mwa baba i Yerusalemu, namwe bagabo b’i Buyuda, ndabinginze mudutātūre, twe n’uruzabibu rwanje.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge abaganza i Sodomu; mutegere amatwi ivyagezwe vy’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


Inzira y’amahoro ntibayizi; mu ngendo zabo ntihabamw’ ibiroranye: bītoboreye inzira z’ibigoramange; ūzicamwo wese ntamenya amahoro.


Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kukw Abisirayeli atar’ intābga, cank’ Abayuda, ku Mana yabo, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, nah’ igihugu cabo cuzuye ivyo bācumuye k’Uwera w’Abisirayeli.


Ati Ni mwumve ibi, yemwe batāma, kandi mutege amatwi, namwe ababa mu gihugu mwese! Mbega har’ ibimeze nk’ibi vyigeze kubaho mu bihe vyanyu, canke mu bihe vya ba sogokuruza?


Ntihakabe ikigirwamana c’ abanyamahanga muri mwebge, Kandi ntimukagire ikigirwamana c’abanyamahanga musenga.


Ni co gitumye nzokomeza kubūrana namwe, kandi nzobūrana n’abuzukuru banyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzobavugutira, mbagerageze; ikindi nogirira wa mukobga ari bo bantu banje n’iki?


Kuko nihanikirije rwose ba sogokuruza banyu, mpereye umusi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa ngashitsa no kur’ uyu musi, nzinduka mbihanikiriza, mvuga nti Ni munyumvire.


Nuko rero, wewe maraya, ni wumve ijambo ry’Uhoraho:


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:


Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite