Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 3:5
36 Referans Kwoze  

ariko bazosaba jewe, Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo, uwo nzobahagurukiriza.


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.


Hahise imisi myinshi uzovyutswa: mu myaka y’iherezo uzoza mu gihugu cābogowe gikūwekw inkota, kirimw’ ubgoko bgakoranirijwe hamwe bavuye mu mahanga menshi, bari ku misozi y’i Bgisirayeli yahoze ar’ amatongo; bākūwe mu mahanga, biberaho ata co binona, bose uko bangana.


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.


Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


ariko mw ijuru har’ Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi. Inzozi zawe n’ivyo werekewe mu mutwe uri ku kirwa vyar’ ibi:


maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Dawidi ntazokwigera abura uwo kuzokwama ku ngoma yiwe, aganza ab’ inzu ya Isirayeli.


Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.


Ni mwaramuka mugiye mu vyago, ivyo vyose bikabashikako, amaherezo muzohindukirira Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire;


Nuko rero ndatashe, ariko hinge nkumenyeshe ivyo bariya bantu bazogirira abawe mu bihe bizoza.


Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


Uburake bg’inkazi bg’Uhoraho ntibuzohwama kugeza ah’ azoba ashikije ivyo umutima wiwe wagabiye, abiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura.


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kur’ uwo musi umuntu azotumbera Umuremyi wiwe, kand’ amaso yiwe azoyashira ku Wera w’Abisirayeli.


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.


Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba.


Ni ho uzorāba, mu maso hawe hakeyuka, umutima wawe ukadidagizwa n’umunezero, ukāguka; kukw ibidandazwa vy’ibitayega bica mu kiyaga bizogaruka i wawe, n’ubutunzi bg’ amahanga buzokuzako.


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite